WHERE IS THE BODY

Mounir Nasraoui (i buryo) ariko arifotora n’umuhungu wiwe w’umuyabaga mu rukino Espagne ytsinzemwo Ubwongereza 2-1 mu rukino rwa nyuma rwa Euro

Icatumye bamucumita n'ubu ntikiramenyekana. Inkuru yanditswe ku rubuga rwandika inkuru za 'sport', Relevo ivuga ko vyitezwe ko Nasraoui agiye kuguma mu bitaro imisi ibiri canke itatu ariko arakurikiranwa. Lamine Yamal, umukinyi wa mbere muto muri kahise k'umugwi nserukiragihugu wa Espagne, yagaragaye mu nkino za Euro 2024, aho yahawe n'agashimwe ko kuba umukinyi muto arusha abandi muri iryo higanwa. Umukinyi wo ku ruhande Nico Williams wa Espagne ni we yatanguye kwinjiza mu rukino batsinzemwo Ubwongereza 2-1 i Berlin. Inyuma gato Espagne imaze gutwara ico gikombe, abantu baciye batonda mu mabarabara ya Mataró bigina uwo muyabaga rurangiranwa. Inyuma yo gukurira muri ico gisagara, Yamal yamaze imwe mu myaka yiwe y'ubuyabaga mw'ishure rizwi cane rya La Masia rya Barcelona ryigisha umupira w'amaguru.

Bivugwa ko se w’umukinyi rurangiranwa w’umupira w’amaguru muri Espagne w’imyaka 17, Lamine Yamal yacumiswe imbugita kenshi ari muri parikingi.

Inkuru ziva mu binyamakuru vyo muri Espagne zivuga ko Mounir Nasraoui yatewe ari mu gisagara kiri ku kivuko ca Mataró, mu buraruko bwa Barcelone, ku musi wa gatatu mw’ijoro n’umugwi w’abantu bari bavuganye hakiri ku murango.

Igipolisi ca Espagne cemeje ko abantu batatu bahagaritswe ku musi wa gatatu, uwundi wa kane akaba yahagaritswe ku wa kane mu gitondo.

Nasraoui yaciye ajanwa kwa muganga i Barcelone aremvye cane ariko ubu bivugwa ko hari akarusho gusumba uko bamutwaye ameze.

Ico gitero cabereye hagufi hagufi ya Rocafonda aho Yamal yakuriye.

Kare mu gitondo, bivugwa ko Nasraoui yari yagiranye ikibazo n’umugwi w’abantu bahuye ariko aratembereza imbwa, nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru El Pais co muri Espagne.

Mu nyuma yegerewe n’uwo mugwi nyene ari muri parikingi baca “baramucumita incuro nyinshi”.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *

3 thoughts on “Mounir Nasraoui (i buryo) ariko arifotora n’umuhungu wiwe w’umuyabaga mu rukino Espagne ytsinzemwo Ubwongereza 2-1 mu rukino rwa nyuma rwa Euro”

Scroll to Top