WHERE IS THE BODY

Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.

Imiryango y'abamenyeshamakuru n'iyiharanira uburenzira bwa zina muntu yari yagumye isemerera ivuga ko uwo mumenyeshamakuru yazize umwuga akora. Uwo mugore w'imyaka 36 yari asanzwe akorera Igicaniro, iradiyo y’abarundi baba hanze icisha kuri internet ibiganiro vy'ivyiyumviro n'umwihwezo ku buzima bw'igihugu. Ivyo biganiro ni na vyo ishirahamwe mpuzamakungu ryo gukingira abamenyeshamakuru Committee for the Protection of Journalists, CPJ, ribona ko yari yahowe. Floriane Irangabiye ari kumwe n'umuvukanyi wiwe Irakiza Chryss Deborah imbere y'ibohero rya Bubanza Yafashwe aje mu Burundi kuramukanya avuye mu Rwanda iyo yari asanzwe aba. Yagirijwe kuvogera igihugu, ico caha gica kimwagira muri Nzero mu 2023, sentare ica imucira igihano co gupfungwa imyaka 10 n'ihadabu ry'umuriyoni w'amafaranga y'Uburundi. Muri urwo rubanza, abashikirizamanza bashingiye ku kiganiro ca radiyo Igicaniro co muri Myandagaro mu 2022 aho Irangabiye n'abatumire banegura reta y'Uburundi bakagiriza abategetsi bayo kuba abasuma no guhonyanga uburenganzira bw'abanyagihugu babo,'' nk'uko iryo shirahamwe rivuga ko ryabisomye mu nyandiko za sentare. Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ryabonye muri izo nyandiko ko abashikirizamanza bavuze ko basanze ico kiganiro muri terefone ya Irangabiye amaze gufatwa baca bamwagiriza guhamagarira abanyagihugu kugarariza no kurondera gutembagaza reta. Bimwe mu vyemezo abashikirizamanza batanze ni uko Irangabiye yaguma agira ingendo hagati Urwanda iyo yaba no mu Burundi ahaba umuryango wiwe hamwe n'amafoto aho agaragara ari kumwe n'umukuru w'Urwanda

Floriane Irangabiye yari mu gipfungo c’imyaka cumi yagirizwa icaha co kuvogera igihugu yarekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Gusubirana umwidegemvyo inyuma y’imyaka hafi 2 mw’ibohero ni umusi udasanzwe mu buzima bwanje’ – Floriane Irangabiye Ingingo yo kumurekura yafashwe ku wa gatatu itariki 14 Myandagaro 2024, iza kumenyekana bukeye bwaho ku mugoroba.

Agisohoka ibohero, yavuze ko afise umunezero utagira uko ungana.

Yagize ati:”Kwiyumvira ko nshobora gusubirana umwidegemvyo inyuma y’imyaka hafi ibiri ndi mw’ibohero ni umusi udasanzwe mu buzima bwanje, abana banje n’umuryango wanje wose. Ndi n’iteka ryinshi, icubahiro cinshi n’umunezero udasasanzwe kuri abo bose bagize uruhara kugira nshobore kubona uyu musi: umuryango wanje, abaharanira agateka ka zina muntu ku rwego rw’Uburundi na mpuz’amakungu, abamenyashamakuru ku rwego rw’Uburundi na mpuzamakungu.”

Floriane Irangabiye kandi yashimiye umukuru w’igihugu kuba yamugiriye ikigongwe.

Ati: “Ndashimiye bimwe vy’imvamutima umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yashize mu ngiro iyi ngingo ndamwipfuriza iteka n’itekane.”

Iyo ngingo-tegeko y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu (mesure de grace presidentielle) ya perezida Evariste Ndayishimiye ivuga ko Madame Floriane Irangabiye ”akuweko ibihano vyose” kandi ko ”ingingo zose z’imbere ziteye kubiri n’iryo tegeko zifuswe”.

Imyaka yari hafi gukwira ibiri uwo mumenyeshamakuru apfunzwe kuva afashwe itariki 30 ukwezi kwa Myandagaro (8) mu 2022.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *

2 thoughts on “Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.”

Scroll to Top