• Home
  • Blogs
  • Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.
Image

Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.

Floriane Irangabiye yari mu gipfungo c’imyaka cumi yagirizwa icaha co kuvogera igihugu yarekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu. Gusubirana umwidegemvyo inyuma y’imyaka hafi 2 mw’ibohero ni umusi udasanzwe mu buzima bwanje’ – Floriane Irangabiye Ingingo yo kumurekura yafashwe ku wa gatatu itariki 14 Myandagaro 2024, iza kumenyekana bukeye bwaho ku mugoroba.

Agisohoka ibohero, yavuze ko afise umunezero utagira uko ungana.

Yagize ati:”Kwiyumvira ko nshobora gusubirana umwidegemvyo inyuma y’imyaka hafi ibiri ndi mw’ibohero ni umusi udasanzwe mu buzima bwanje, abana banje n’umuryango wanje wose. Ndi n’iteka ryinshi, icubahiro cinshi n’umunezero udasasanzwe kuri abo bose bagize uruhara kugira nshobore kubona uyu musi: umuryango wanje, abaharanira agateka ka zina muntu ku rwego rw’Uburundi na mpuz’amakungu, abamenyashamakuru ku rwego rw’Uburundi na mpuzamakungu.”

Floriane Irangabiye kandi yashimiye umukuru w’igihugu kuba yamugiriye ikigongwe.

Ati: “Ndashimiye bimwe vy’imvamutima umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yashize mu ngiro iyi ngingo ndamwipfuriza iteka n’itekane.”

Iyo ngingo-tegeko y’ikigongwe c’umukuru w’igihugu (mesure de grace presidentielle) ya perezida Evariste Ndayishimiye ivuga ko Madame Floriane Irangabiye ”akuweko ibihano vyose” kandi ko ”ingingo zose z’imbere ziteye kubiri n’iryo tegeko zifuswe”.

Imyaka yari hafi gukwira ibiri uwo mumenyeshamakuru apfunzwe kuva afashwe itariki 30 ukwezi kwa Myandagaro (8) mu 2022.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *

2 thoughts on “Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.”

3 Comments Text
  • ben says:

    imana ishimwe cyane

  • droversointeru says:
    Your comment is awaiting moderation. This is a preview; your comment will be visible after it has been approved.
    I was very pleased to find this web-site.I wanted to thanks for your time for this wonderful read!! I definitely enjoying every little bit of it and I have you bookmarked to check out new stuff you blog post.
  • Leave a Reply

    Your email address will not be published. Required fields are marked *

    Scroll to Top