WHERE IS THE BODY

Ukraine ifise uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho vy’Ubwongereza ku butaka bw’Uburusiya – Cameron, Lord Cameron yabinanye na Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine i Kyiv ku wa kane.

Umugore yarishwe igihe imihana ibiri i Kharkiv yagemwa n'ibisasu mu gitero c'Uburusiya ejo ku wa gatanu Umuvugizi w’igisirikare Liyetena-Koroneli Nazar Voloshyn avuga ko ingabo zateye igihugu zinjiye mu kigwati ca Ocheretyne ariko ko abasirikare ba Ukraine bariko bakora uko basho boye kwose kugira ngo bazirukane. Inyuma n’umubonano yagiriraniye na Perezida Volodymr Zelensky i Kyiv, Lord Cameron yavuze ko Uburusiya ari bwo bwatanguje intambara kuri Ukraine kandi ko Ukraine “ifise uburenganzira bwose bwo kwivuna Uburusiya” Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire Maria Zakharova avuga ko amajambo yiwe ari icemeza ko Uburengero bufise uruhara mu ntambara yo kurwanya Uburusiya. Ubwongereza bumaze gutanga amamiriyaridi atari make y’imfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine kuva Uburusiya butanguje intambara yuzuye muri Ruhuhuma (2) 2022, irimwo ibimodoka vy’intambara bitamenwa n’amasasu asanzwe, ibisasu ntahusha vya misire hamwe n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere. Mu mwaka uheze, Ubwongereza bwaremeje ko bwari bwatanguye kurungikira Ukraine ibisasu vya misire biraswa kure vyo mu bwoko bwa Storm Shadow bishobora gushika ku birometero birenga 250. Hagati aho, umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal avuga ko yasavye Lord Cameron ko yofasha igihugu ciwe gusanasana ibigo ntanganguvu vyaco vyononywe n’ibitero vy’urutavanako vy’ibisasu vya misire vy’Uburusiya.

Umushikiranganji w’Ubwongereza ajejwe imigenderanire Lord Cameron avuga ko Ukraine ifise uburenganzira bwo gufata ingingo kw’ikoreshwa rw’ibirwanisho ihabwa n’Ubwongereza kandi ko ifise uburenganzira bwo kubikoresha mu gutera hagati mu Burusiya.

Mu rugendo rwiwe ku mugwa mukuru Kyiv, yavuze ko Ubwongereza buzokwama buha Ukraine imiriyaridi 3.75 z’amadorari y’Abanyamerika buri mwaka igihe cose bizoba ngombwa.

Lord Cameron ati: “Uku Uburusiya butera ku butaka bwa Ukraine, nibaza ko utahura igituma Ukraine yumva ko ikeneye kwivuna”.

Uburusiya buriyamiriza ico bwita “ayandi majambo mabi cane”.

Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu (Kremlin), Dmitry Peskov, avuga ati: “Aya ni ayandi majambo atuma icuka cunyuka kuri iyi ntambara ya Ukraine, ibi navyo bishobora kubangamira umutekano w’Ubulaya”.

Lord Cameron ntiyashigikiye mu buryo bweruye iciyumviro c’uko ibirwanisho vy’Ubwongereza vyokoreshwa mu gutera hagati ku butaka bw’Uburusiya.

Ariko gushika ubu, Ubwongereza mu bisanzwe burumvisha – mu buryo buteruye – ko ibirwanisho bimwe bimwe, nk’iibisasu vya misire vyo mu bwoko Storm Shadow biraswa kure bikwiye gukoreshwa ku butaka bwose bwa Ukraine. Hari uturorero tutari duke twerekana ikoreshwa ryavyo mu karere ka Crimée/Crimea kihagiwe n’Uburusiya, harimwo n’ibitero vyakozwe ku mato y’Uburusiya mu Kiyaga Cirabura.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Scroll to Top