WHERE IS THE BODY

Perezida Ruto aboneka hano ari kumwe n’umugaba mukuru w’ingabo za Kenya Jenerali Francis Ogolla, kuri iyi foto 

Perezida wa Kenya William Ruto yavuze ko umugaba mukuru w'ingabo za Kenya, Jenerali Francis Omondi Ogolla, yapfuye nyuma yuko indege ya kajugujugu ya gisirikare yari arimo ikoreye impanuka mu burengerazuba bw'igihugu. Ogolla - wari we musirikare wo ku rwego rwo hejuru cyane muri Kenya - yari ari muri kajugujugu hamwe n'abandi basirikare 11. Abantu babiri gusa ni bo barokotse. Mu kiganiro n'abanyamakuru, Perezida Ruto yavuze ko ari "umwanya w'akababaro kenshi" ku gihugu. Mbere yaho ku mugoroba wo ku wa kane, Ruto yari yahamagaje inama yihutirwa y'abagize akanama k'umutekano k'igihugu. Ruto yavuze ko iyo mpanuka yabaye saa munani n'iminota 20 z'amanywa (14:20) ku isaha yo muri Kenya, ni ukuvuga saa saba n'iminota 20 z'amanywa (13:20) ku isaha yo mu Rwanda no mu Burundi. Igisirikare cya Kenya kirwanira mu kirere cyohereje itsinda ryo gukora iperereza ngo hamenyekane icyateye iyo mpanuka. Ruto yavuze ko iyo kajugujugu yahanukiye mu karere ka Elgeyo Marakwet, mu ntera ya kilometero 400 mu majyaruguru ashyira uburengerazuba bw'umurwa mukuru Nairobi, nyuma gato yuko yari imaze guhaguruka. Ogolla yari yagenwe kuri uwo mwanya muri Mata (4) mu mwaka ushize. Mbere, yari yarabaye komanda w'igisirikare kirwanira mu kirere n'umugaba mukuru wungirije w'ingabo za Kenya. Ruto yavuze ko uwo wari umujyanama we wa gisirikare yari umusirikare mukuru w'intwari,

Kubera iki Perezida William Ruto wa Kenya bamutaziriye Zakayo wo muri Bibiliya?

Abanyakenya bamwe bamwe bagereranya Perezida William Ruto mu gashinyaguro na Zakayo – wa mutozakori w’intahaga avugwa muri Bibiliya yurira hejuru ku giti ashaka kubona Yezu/Yesu.

Vyavuye ku kungene Ruto yashinze igifyo c’amakori mashasha, ayari ahari nayo akayaduza, kuva atowe muri Myandagaro (8) 2022, ivyatumye atakarizwa icizere, aho Abakenya benshi babona ko yabahemukiye ku vyo yari yabemereye igihe yiyamamaza ababwira ko azohagararira inyungu z’abinazi, abo yita “hustlers”.

Ruto aremeza ko amakori ababaza, ariko mw’ijambo ryiwe yashikirije ku musi wo guhimbaza ukwikukira kwa Kenya ku wa 12 Kigarama (12), yavuze ko ibimazi biriko bitangwa n’igihugu “bizotera iteka abarwaniye ubwigenge bwacu”.

Ku bwiwe, amakori yo hejuru ni nkenerwa kugira ngo reta ntiyame izera inze, yongere igabanye amadeni ifitiye amakungu, yaduze agashika ku miriyaridi ibihumbi cumi z’amashilingi, nubwo Ruto menshi muri yo ari ayo yasigiwe n’intwaro zahahora.

Ati: “Twahisemwo neza, rimwe na rimwe dufata ingingo zigoye kandi zibabaza, kugira ngo tugarure Kenya ntihave ikorokera mu nyenga y’amadeni”.

Umukuru w’igihugu nta n’ico bimubwiye kugereranywa n’uno muntu avugwa muri Bibiliya.

Yavuze yitwengera mu kwa gatanu ati: “Kubera ko namaze kugereranywa na Zakayo mu turere tumwe tumwe, kumbure tuzoshinga umusi wahariwe umutozakori”.

Ariko Abakenya benshi ntibemeranya na we. Umubabaro utewe n’amakori ni wo wiganziye ibiyago vya buri musi, cane cane ku kungene ubuzima bugenda buzimba.

Bavuga kandi ko amakori ariko afasha gusa abari muri reta mu kwiryohera, aho gufasha abanyagihugu.

Leave a Comment

Your email address will not be published. Required fields are marked *

Scroll to Top