Mu ntahe y’uno munsi humvirijwe ivyabona 4 benshi bakaba abaregura uwagirizwa icaha.
Uwa mbere yumvirijwe ni Safari Tharcisse yari umuzamu mu Rugo kwa Nkunduwimye Emmanuel mu gihe ca jenoside.
Uwo mugabo w’imyaka 54 yemeje ko uwahoze ari sebuja amuzi nk’umuntu w’umudandaza yiyungunganya mu bintu bitandukanye ata vyo ubwicanyi amuziko uretse guhiga amafaranga, atigeze aja no muri poritike.
Yemeje ko Nkunduwimye Emmanuel muvyo yumva bamubwira ko ari muramu w’umurwizatunga yitwa Silas Majyambere yafasha FPR inkontanyi bakiri inyeshamba.
Yavuze kandi ko indege ya Habyarimana imaze gukororwa, interahamwe zateye kwa Nkunduwimye, ziramukomeretsa kuko yarazirwanije naburya yari umuzamu wiwe ariko Nkunduwimye Emmanuel siho yari.
Safari avuga ko yaje mu nyuma aca amutwara kwa muganga kuko interahamwe zari zamukomerekeje.
Skip podcast promotion and continue reading
Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango
Inkurikirane
End of podcast promotion
Ico cabona kikaba cemeje ko kubona Nkunduwimye hari interahamwe zateye iwe bigaragara ko yari mubaronderwa kuko yitwa icyitso.
Uwa kabiri yumvirijwe ni Mwenimana Édouard w’imyaka 66.
Nta vyinshi yavuze uretse kwemeza ko azi bomboko mu bucuruzi atabindi amuziko.
Hakurikiye Isidore Sezirahiga w’imyaka 64, atariye umunwa mu kwemeza ko yiboneye Bomboko arokora ubuzima bw’umugabo bagira bice italiki 06 mu kwezi kwa 04 mu 1994, indege ya Habyarimana imaze gukororwa.
Yagize ati: « Jewe ubwanje nariboneye Bomboko ariko asigurira abasirikare ba Habyarimana kuri bariyeri bagira bice umugabo bari kumwe kuko yasa n’umututsi. Iyo ataba Bomboko, uwo munsi uwo mugabo yaricwa»
Hakurikiye Fidèl Mitsindo w’imyaka 59, yahoze ari umushinganteka mu Rwanda gushika mu 2007.
Uwo mugabo yaje ava mu Rwanda yemeje ko uko azi Nkunduwimye ata vyo ubwicanyi yokora .
Emmanuel Nkunduwimye yari mu rukiko ari kumwe n’abamuburanira.
Bitegekanijwe ko urubanza ruzobandanya ejo humvirizwa ibindi vyabona aho uwitezwe cane ari Silas Majyambere umwe mubarwizatunga vyavurwa ko afasha FPR inkotanyi bakiri inyeshamba.