WHERE IS THE BODY

August 16, 2024

Floriane Irangabiye kuva kuri uyu wa gatanu ku mugoroba aridegemvya ku kigongwe c’umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimye.

Imiryango y’abamenyeshamakuru n’iyiharanira uburenzira bwa zina muntu yari yagumye isemerera ivuga ko uwo mumenyeshamakuru yazize umwuga akora.

Uwo mugore w’imyaka 36 yari asanzwe akorera Igicaniro, iradiyo y’abarundi baba hanze icisha kuri internet ibiganiro vy’ivyiyumviro n’umwihwezo ku buzima bw’igihugu.

Ivyo biganiro ni na vyo ishirahamwe mpuzamakungu ryo gukingira abamenyeshamakuru Committee for the Protection of Journalists, CPJ, ribona ko yari yahowe.
Floriane Irangabiye ari kumwe n’umuvukanyi wiwe Irakiza Chryss Deborah imbere y’ibohero rya Bubanza
Yafashwe aje mu Burundi kuramukanya avuye mu Rwanda iyo yari asanzwe aba.

Yagirijwe kuvogera igihugu, ico caha gica kimwagira muri Nzero mu 2023, sentare ica imucira igihano co gupfungwa imyaka 10 n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Uburundi.
Muri urwo rubanza, abashikirizamanza bashingiye ku kiganiro ca radiyo Igicaniro co muri Myandagaro mu 2022 aho Irangabiye n’abatumire banegura reta y’Uburundi bakagiriza abategetsi bayo kuba abasuma no guhonyanga uburenganzira bw’abanyagihugu babo,” nk’uko iryo shirahamwe rivuga ko ryabisomye mu nyandiko za sentare.

Iryo shirahamwe rivuga kandi ko ryabonye muri izo nyandiko ko abashikirizamanza bavuze ko basanze ico kiganiro muri terefone ya Irangabiye amaze gufatwa baca bamwagiriza guhamagarira abanyagihugu kugarariza no kurondera gutembagaza reta.

Bimwe mu vyemezo abashikirizamanza batanze ni uko Irangabiye yaguma agira ingendo hagati Urwanda iyo yaba no mu Burundi ahaba umuryango wiwe hamwe n’amafoto aho agaragara ari kumwe n’umukuru w’Urwanda Paul Kagame n’uwahoze atwara Uburundi, umuhisi Pierre Buyoya.

Yagirijwe kandi kwitaba inama zo guha inyigisho urwaruka ruba mu mahanga kugira rutembagaze reta.

Ivyo vyose Floriane Irangibiye n’abamwunganira mu mategeko yari yaburanye abihakana avuga ko yakoresheje gusa uburenganzira bwiwe bwo gushikiriza ico yiyumvira, ko na zo inama zivugwa ata zo yigeze ajamwo.

Amaze gucirirwa igihano c’imyaka 10 n’ihadabu ry’umuriyoni w’amafaranga y’Uburundi ku wa 02 Nzero mu 2023, Floriane Irangabiye yarunguruje gushika muri sentare gasamburamanza ariko na yo ku wa 13 Ruhuhuma(2) mu 2024 ica iremeza ico gihano.

Ingingo-tegeko y’umukuru w’igihugu yarekuye Floriane Irangabiye ivuga ko uretse ububasha umukuru w’igihugu ahabwa n’amategeko, yihweje kandi ivyo ”yasabwe n’umupfungwa yagiriwe n’icaha”.

Mounir Nasraoui (i buryo) ariko arifotora n’umuhungu wiwe w’umuyabaga mu rukino Espagne ytsinzemwo Ubwongereza 2-1 mu rukino rwa nyuma rwa Euro

Icatumye bamucumita n’ubu ntikiramenyekana.

Inkuru yanditswe ku rubuga rwandika inkuru za ‘sport’, Relevo ivuga ko vyitezwe ko Nasraoui agiye kuguma mu bitaro imisi ibiri canke itatu ariko arakurikiranwa.

Lamine Yamal, umukinyi wa mbere muto muri kahise k’umugwi nserukiragihugu wa Espagne, yagaragaye mu nkino za Euro 2024, aho yahawe n’agashimwe ko kuba umukinyi muto arusha abandi muri iryo higanwa.

Umukinyi wo ku ruhande Nico Williams wa Espagne ni we yatanguye kwinjiza mu rukino batsinzemwo Ubwongereza 2-1 i Berlin.

Inyuma gato Espagne imaze gutwara ico gikombe, abantu baciye batonda mu mabarabara ya Mataró bigina uwo muyabaga rurangiranwa.

Inyuma yo gukurira muri ico gisagara, Yamal yamaze imwe mu myaka yiwe y’ubuyabaga mw’ishure rizwi cane rya La Masia rya Barcelona ryigisha umupira w’amaguru.

Scroll to Top